-
“Abungere bameze nk’uko umutima wanje ugomba”Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
-
-
4. Ni bande bariko bitwararika ubusho bw’Imana muri iki gihe, kandi babigirana agatima akahe?
4 Uwo muhango Imana yatanze warangukiye mu buryo bukomeye kuri wa Mwungere Mukuru w’intama za Yehova, ni ukuvuga Yezu, uwahavuye aba Umutwe w’ishengero rya gikirisu. Yezu ubwiwe yaravuze yuko ari we “mwungere w’agahebuza,” agaragariza impuhwe nyakuri abo ayobora. (Yoh. 10:11-15) Muri iki gihe, Yehova ariko arakoresha abungere batobato kugira ngo bitwararike ubusho bwiwe bwo kw’isi. Abo bungere usanga ari abavukanyi barobanujwe impwemu bo mu mugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge be n’abakurambere bitwararika ibintu bo mu bagize “isinzi rinini.” (Ivyah. 7:9) Abo bungere barihatira kugaragaza agatima ko kwitanga nka kumwe kwa Yezu. Barigana Kristu mu kugaburira ishengero no mu kurikunda. Haragowe umwungere wese yirengagiza abavukanyi biwe canke akabakandamiza, abakarira canke akabagaya! (Mat. 20:25-27; 1 Pet. 5:2, 3) None Yehova yiteze iki ku bungere bakirisu muri iki gihe? Ni igiki dushobora kwigira ku vyo Yeremiya yanditse ku bijanye n’agatima be n’intumbero abakurambere bakwiye kuba bafise mu kwitwararika amabanga bajejwe? Nimuze turimbure ukuntu abakurambere barangura uruhara bajejwe rwo gufasha, gukingira, kwigisha abo mw’ishengero canke abandi bantu, be n’urwo guca imanza.
-
-
“Abungere bameze nk’uko umutima wanje ugomba”Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
-
-
6 Nka kurya kw’abungere nya bungere, abacungezi bakirisu ntibakwiye kwirengagiza ishengero. Niba uri umukurambere, woba wihatira kuguma ugavye ku buryo umenya akantu kose kerekana ko abavukanyi bawe bageramiwe, kandi woba ufise umutima ukunze wo guca ubaserukako udatevye? Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Ubwirizwa kumenya ingene umukuku wawe umeze. Shira umutima wawe ku masho yawe.” (Imig. 27:23) Ico canditswe kirashimika ku mwete abungere nya bungere bagira; ariko naho biri ukwo, ivyo birashobora kwerekezwa no ku kuntu abungere bo mw’ishengero bitwararika intama zo mu buryo bw’impwemu. Niba uri umukurambere, woba urwanya wivuye inyuma impengamiro yose woba ufise yo kuganza abandi? Kuba Petero yaravuze ivyo “gukandamiza abari intoranwa y’Imana,” birerekana ko bishoboka rwose yuko umukurambere ivyo yobigira. Wokora iki kugira ngo ugire ico uterereye mw’iranguka ry’ibivugwa muri Yeremiya 33:12? (Soma.) Abavyeyi birerana abana, abapfakazi, imiryango igizwe n’abavyeyi basubiye kwubakana n’abandi, abageze mu zabukuru, be n’abakiri bato cane usanga bakeneye kwitwararikwa no gufashwa bimwe bidasanzwe.
-