-
Nuzinukwe “ibintu vyimbitse vya Shetani”Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
8. (a) Yezu agabisha gute “Yezebeli” w’i Tiyatira? (b) Muri iki gihe, abagore bagize akosho kabi akahe?
8 Yezu abandanya kubwira abakurambere b’i Tiyatira ati: “Kandi naramuhaye umwanya wo kwigaya, mugabo ntagomba kwigaya ubusambanyi bwiwe. Ehe ngira ndamute ku buriri bw’umurwayi, n’abarengana ibigo na we ndabate mu makuba akomeye, kiretse bigaye ibikorwa vyiwe.” (Ivyahishuwe 2:21, 22) Nk’uko nyene biboneka ko Yezebeli wa kera yaganza Ahabu mu nyuma na ho agahangara Yehu uwo Imana yari yashinze gushitsa urubanza rwayo, abo bagore bashobora kuba bariko baragerageza kwifatira abagabo babo n’abakurambere. Bisa n’uko abakurambere b’i Tiyatira barenza uruho rw’amazi ku kosho kabi k’uwo mugore Yezebeli. Yezu rero aragabisha ata gufyina abo bakurambere n’ishengero ryose ry’abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe. Mu bihe vya none, bamwebamwe muri abo bagore b’intagondwa baroheje abagabo babo ngo babe abahuni, baranitwarira mu masentare abasavyi ba Yehova b’intahemuka.—Gereranya na Yuda 5-8.
-
-
Nuzinukwe “ibintu vyimbitse vya Shetani”Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
10. (a) Kubera iki Yezebeli n’abana biwe bacirwa rubi? (b) Abana ba Yezebeli bamerewe gute, kandi bakwiye gukora iki?
10 Ku vyerekeye “urya mugore Yezebeli,” Yezu abandanya ati: “Kandi abana biwe nzobicisha ikiza cica, ku buryo amashengero yose azomenya yuko ndi umwe asesangura amafyigo n’imitima, kandi namwe nzobaha umwumwe ibihuye n’ibikorwa vyanyu.” (Ivyahishuwe 2:23) Yezu yarahaye Yezebeli n’abana biwe umwanya wo kwigaya, ariko babandanya gukora ubuhumbu bakaba rero bategerezwa gucirwa rubi. Ubwo butumwa burahambaye ku bakirisu bo muri iki gihe. Abana ba Yezebeli, ni ukuvuga abagabo canke abagore bamwigana mu kurenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zerekeye ubukuru n’ukwigenza runtu canke mu kuba intabarirwa bakirengagiza urutonde rwa gitewokarasi, ni indembe mu vy’impwemu. Ego ni ko, igihe umuntu nk’uyo ahamagaye abakurambere b’ishengero ngo baze kumusengera, “isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira, kandi Yehova azomuhagurutsa,” akire gusa gukora ahuza n’ayo masengesho. Mugabo ntihagire uwibaza ko ashobora guhuma amaso Imana na Kristu mu kugerageza kunyegeza ubuhumbu bwiwe canke mu kwiyerekana ko afise umwete mu murimo.—Yakobo 5:14, 15.
-
-
Nuzinukwe “ibintu vyimbitse vya Shetani”Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
13. Ni ibiki bizoshikira abatwarwa n’akosho k’abagore bameze nka Yezebeli?
13 Kubera ko Umwana w’Imana ari we Ntumwa n’Umucamanza wa Yehova, arafise uburenganzira bwo gushira ahabona uwo wese agereranywa na Yezebeli muri iki gihe no kumuterera ku buriri bw’umurwayi, kuko aba arwaye indwara idakira yo mu vy’impwemu. (Malaki 3:1, 5) Abamaze gutwarwa n’akosho k’abagore bameze nka Yezebeli na bo nyene bazoshikirwa n’amakuba akomeye, ni ukuvuga umubabaro wo gucibwa, ari kwo gukurwa mw’ishengero rya gikirisu bagafatwa nk’abapfuye. Batigaye, bagahindukira maze bakagarukanwa mw’ishengero, bazohitanwa n’“ikiza cica,” n’imiburiburi mu gihe ca ya makuba akomeye. Mu gihe ivyo bitaraba, barashobora gukosora ibintu mu kwigaya amakosa yabo.—Matayo 24:21, 22; 2 Abakorinto 7:10.
-