ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Bandanya kugumya ico ufise”
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 10. Ni indemesho iyihe Yezu aha ishengero ry’i Filadelufiya?

      10 Amajambo Yezu abwira abakirisu b’i Filadelufiya ategerezwa kuba abahumuriza cane kubera avuye ku muntu afise ububasha nk’ubwo! Arabakeza ati: “Ndazi ibikorwa vyawe—ehe nshize imbere yawe umuryango wuguruye, uwo ata n’umwe ashobora kwugara—yuko ufise ububasha bukeyi, ukaba waragumije ijambo ryanje, ukaba kandi utihakanye izina ryanje.” (Ivyahishuwe 3:8) Iryo shengero ryari rifise umwete, kandi ryarugururiwe umuryango, ata gukeka akaba ari umuryango uja ku gikorwa c’ubwami. (Gereranya na 1 Abakorinto 16:9; 2 Abakorinto 2:12.) Ni co gituma Yezu aremesha iryo shengero kutagisha akaryo na kamwe ko kwamamaza. Barihanganye bongera barerekana ko bafise inkomezi zihagije zo kubandanya gukora “ibikorwa” vyiyongereye mu murimo wa Yehova babifashijwemwo n’impwemu yiwe. (2 Abakorinto 12:10; Zekariya 4:6) Baragamburutse amategeko ya Yezu kandi ntibihakanye Kristu, haba mu mvugo canke mu ngiro.

  • “Bandanya kugumya ico ufise”
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 14. Ibivugwa muri Yesaya 49:23 no muri Zekariya 8:23 vyarangutse gute bimwe biboneka mu bihe vya none?

      14 Mu bihe vya none, ubuhanuzi nk’ubwo muri Yesaya 49:23 no muri Zekariya 8:23 bwararangutse bimwe biboneka. Igikorwa co kwamamaza kirangurwa n’abagize umugwi wa Yohani carafashije amasinzi y’abantu kwinjira mu muryango wuguruye uja ku gikorwa c’Ubwami.b Benshi muri bo bavuye mu madini y’abiyita abakirisu yivugisha ko agize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. (Gereranya n’Abaroma 9:6.) Abo bantu bagize isinzi rinini baramesura amakanzu yabo bakayeza mu kwizera amaraso y’incungu ya Yezu. (Ivyahishuwe 7:9, 10, 14) Baragamburukira ubutegetsi bwa cami bwa Kristu, bakaba biteze gutorana imihezagiro buzozana ng’aha kw’isi. Baraza aho bene wabo na Yezu barobanuwe bari, ‘bakabunamira’ mu buryo bw’ikigereranyo, kubera ‘bumvise yuko Imana iri kumwe na bo.’ Barasukurira abo bakirisu barobanuwe, bakifatanya na bo mu muryango ukwiye kw’isi yose w’abavukanyi.—Matayo 25:34-40; 1 Petero 5:9.

  • “Bandanya kugumya ico ufise”
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • b Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi gisohorwa n’abagize umugwi wa Yohani camye cerekana ko vyihutirwa kutagisha ako karyo maze tukagira uruhara rwuzuye mu gikorwa co kwamamaza. Raba nk’akarorero ikiganiro kivuga ngo “Vyose nibimenyekanishe ubuninahazwa bwa Yehova” n’ikivuga ngo “Ijwi ryavyo ryumvikanye mw’isi yose” vyasohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2004. Ikiganiro kivuga ngo “Abaninahaza Imana barahezagirwa” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2004 carashimitse ku bijanye no kwinjira mu “muryango wuguruye” uja mu murimo w’igihe cose. Mu mwaka wa 2011, incahagati y’abamamaji 1.362.755 ni bo bakoze uwo murimo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika