-
Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuruIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
Ubwiza bukayangana bwa Yehova
4. (a) Ivyo Yohani yeretswe bifitiye akamaro akahe abakirisu barobanuwe? (b) Ivyo yeretswe bifitiye akamaro akahe abafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?
4 None Yohani abona iki? Reka tumwumvirize atuyagire ibintu bitangaje abona. Agira ati: “Hanyuma y’ivyo, buno nyene mba mu bubasha bw’impwemu: maze mbona intebe y’ubwami yari mu kibanza cayo mw’ijuru, kandi hari uwari yicaye kuri nya ntebe.” (Ivyahishuwe 4:2) Mu kanya isase, inguvu zikora z’Imana zirajana Yohani mu buryo bw’impwemu zikamushikana imbere y’intebe y’ubwami ya Yehova. Mbega igitangaza! Arerekwa ubwiza butangaje bw’ijuru ubwaryo aho we n’abandi bakirisu barobanuwe babikiwe “intoranwa itabora, idahumanye [kandi] idakabirana.” (1 Petero 1:3-5; Abafilipi 3:20) Ivyo Yohani yeretswe birahambaye no ku bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Birabafasha gutahura ubuninahazwa bwa Yehova n’ubw’intwaro yo mw’ijuru akoresha mu gucira urubanza amahanga, mu nyuma na ho akazoyikoresha mu gutegeka abantu bazoba baba kw’isi. Vy’ukuri, Yehova ni Imana itunganya ibintu mu buryo bwiza igitangaza!
5. Ni ibiki Yohani abona vyagereranywa na wa murumyo w’isandugu y’isezerano?
5 Vyinshi mu vyo Yohani abona aho mw’ijuru birasa n’ivyari muri ya taberenakulo yo mu bugaragwa. Hari haciye nk’imyaka 1.600 Abisirayeli bayubatse ngo ibabere intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Aheranda Rwose h’iyo taberenakulo wahasanga isandugu y’isezerano, kandi Yehova ubwiwe yavugira hejuru y’umurumyo w’inzahabu w’iyo Sandugu. (Kuvayo 25:17-22; Abaheburayo 9:5) Ku bw’ivyo, umurumyo w’iyo Sandugu wagereranya intebe y’ubwami ya Yehova. Ubu rero Yohani arabona ico ivyo vyagereranya, ni ukuvuga Umukama Segaba Yehova ubwiwe avyagiye mu buninahazwa ku ntebe yiwe y’ubwami ininahaye yo mw’ijuru!
-
-
Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuruIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 75]
-