ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ubwami bw’Imana buravutse!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 17, 18. (a) Yohani avuga ko mw’ijuru bavyakira gute Shetani akorowe? (b) Bishoboka ko ijwi rirenga Yohani yumva ari irya bande?

      17 Yohani aratubwira umunezero uca uba mw’ijuru kubera Shetani akorowe muri ubwo buryo butangaje, ati: “Maze numva ijwi rirenga mw’ijuru, rivuga riti: ‘Ubu rero harashitse ubukiriro n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu n’ububasha bwa Kristu wayo, kuko umwagiriji wa bene wacu araririjwe hasi, umwe abagiriza ku murango no mw’ijoro imbere y’Imana yacu! Kandi baramutsinze kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama no kubera ijambo ry’ugushinga intahe kwabo, kandi ntibakunze ubuzima bwabo n’igihe baba bahanganye n’urupfu. Ku bw’ivyo muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo!’”—Ivyahishuwe 12:10-12a.

  • Ubwami bw’Imana buravutse!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 20. Ni mu buryo ki abakirisu b’abizigirwa batsinze Shetani?

      20 Abakirisu barobanuwe, ababonwa ko ari abagororotsi “kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama,” barabandanya gushingira intahe Imana na Yezu Kristu naho bahamwa. Haraciye imyaka irenga 120 abagize uwo mugwi wa Yohani bamenyesha ibintu bihambaye vyobaye Ibihe vy’abanyamahanga birangiye mu 1914. (Luka 21:24, BY) Vyongeye, muri iki gihe abagize isinzi rinini barasukura badahemuka bifatanije na bo. Nta n’umwe muri bo “[atinya] abica umubiri mugabo badashobora guhonya ubuzima,” nk’uko ivyagiye birashikira Ivyabona vya Yehova muri iki gihe cacu bivyerekana. Biciye ku vyo bavuga no ku nyifato ya gikirisu, baratsinze Shetani, barerekana neza ko ari umubeshi. (Matayo 10:28; Imigani 27:11; Ivyahishuwe 7:9) Igihe abakirisu barobanuwe bazuwe bakaja mw’ijuru, ese ukuntu bategerezwa kuba banezerwa n’uko Shetani atakiriyo ngo yagirize bene wabo! Ego cane, ni igihe c’uko ingabo zose z’abamarayika zitabirana umunezero akamo kagira gati: “Muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo!”

      Amagorwa atewe n’ishari!

      21. Ni gute Shetani yateje amagorwa isi n’ikiyaga?

      21 Shetani ishavu riraniga kubera amagorwa agira gatatu. Ubu rero na we ashaka guteza abantu amagorwa yiwe. Bibiliya ivuga iti: “Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:12b) Emwe, kuba Shetani yirukanywe mw’ijuru bituma isi ibona amagorwa, ino ikaba iriko irononwa n’abantu buzuye ubwikunzi batwarwa na we. (Gusubira mu vyagezwe 32:5) N’ikindi kandi, icivugo ca Shetani co ‘gutegeka vyanse agasambura’ kirateza amagorwa isi y’ikigereranyo, ari co kibano c’abantu, kikayateza n’ikiyaga c’ikigereranyo, ari co bantu badurumbanye ubwabo. Muri za ntambara zibiri z’isi yose, uburake bwa Shetani bwaragaragariye mu burake bw’amahanga aganzwa na we, kandi n’ubu mwene ubwo bushangashirwe bw’amadayimoni burabandanya kwigaragaza, naho ata gihe kinini busigaje! (Mariko 13:7, 8) Ariko naho amayeri ya Shetani yoba akomeye gute, ingaruka zayo ntizizokwigera zegereza ingaruka amagorwa ya gatatu azogira kw’ishirahamwe rya Shetani riboneka, na yo akaba atezwa n’Ubwami bw’Imana!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika