ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ubwami bw’Imana buravutse!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 22, 23. (a) Yohani avuga ko haca haba iki ca gisato kimaze kuraririzwa kw’isi? (b) Ca gisato gihama gute “wa mugore yibaruka umwana w’umuhungu”?

      22 Kuva Shetani yirukanywe bimwe vy’akamaramaza, bene wabo na Kristu bakiri kw’isi barihuriye n’uburake bwiwe. Yohani avuga ati: “Ca gisato ngo kibone kiraririjwe kw’isi, gica gihama wa mugore yibaruka umwana w’umuhungu. Mugabo amababa abiri ya ya nkona nini ahabwa uwo mugore, kugira ngo aguruke aje mu gahinga mu kibanza ciwe; aho ni ho agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, kure ya ya nzoka.”—Ivyahishuwe 12:13, 14.

  • Ubwami bw’Imana buravutse!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 24. Ni ibiki vyashikiye Abatohoji ba Bibiliya bisa n’ivyashikiye Abisirayeli igihe barokorwa mu Misiri?

      24 Mu Ntambara ya mbere y’isi yose, bene wabo na Yezu babandanije badahemuka igikorwa cabo co gushinga intahe uko bishoboka kwose. Ivyo babikora mu ruhamo rukomeye batezwa na Shetani be n’abakozi biwe b’ababisha. Mu nyuma, igikorwa co gushinga intahe Abatohoji ba Bibiliya barangura ku mugaragaro carabaye nk’igihagaze. (Ivyahishuwe 11:7-10) Ivyo vyabaye igihe bashikirwa n’ibintu bisa n’ivyashikiye Abisirayeli mu Misiri kuko na bo nyene bihanganye naho bahahazwa cane. Yehova yaciye abatwara ningoga nk’aho yoba abatwaye ku mababa y’inkona, abajana ahantu hatagira inkomanzi mu bugaragwa bwa Sinayi. (Kuvayo 19:1-4) Muri ubwo buryo nyene, inyuma y’uruhamo rukaze rwo mu 1918-1919, Yehova yararokoye ivyabona vyiwe baserukira uwo mugore wiwe, abashira mu mimerere yo mu vy’impwemu ituma batagira inkomanzi nk’uko Abisirayeli bari bamerewe mu bugaragwa. Iyo yari inyishu y’amasengesho yabo.—Gereranya na Zaburi 55:6-9.

      25. (a) Ni igiki Yehova yatanguje mu 1919, nk’uko nyene yari yatanguje ihanga ry’Abisirayeli mu gahinga? (b) Ni bande bagize iryo hanga, kandi bashizwe mu kibanza ikihe?

      25 Mu gahinga, Yehova yaratanguje ihanga ry’Abisirayeli, arabaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Muri ubwo buryo nyene, kuva mu 1919, Yehova yaratanguje uruvyaro rwa wa mugore ruba ihanga ryo mu vy’impwemu. Ivyo ntidukwiye kuvyitiranya n’Ubwami burongowe na Mesiya bwatanguye gutegeka mw’ijuru kuva mu 1914. Ahubwo iryo hanga rishasha rigizwe n’amasigarira y’ivyabona barobanuwe bari kw’isi, bashizwe mu kibanza kininahaye co mu buryo bw’impwemu mu 1919. Kubera ko ico gihe bariko baronswa “ingero yabo y’ibifungurwa ku gihe kibereye,” barakomejwe ku bw’igikorwa cari kibarindiriye.—Luka 12:42; Yesaya 66:8.

      26. (a) Ikiringo kivugwa mu Vyahishuwe 12:6, 14 kingana gute? (b) Ca kiringo c’ibihe bitatu n’igice cari gifise intumbero iyihe, catanguye ryari, kandi carangiye ryari?

      26 None ako gahengwe k’uruvyaro rwa wa mugore w’Imana kamaze igihe kingana iki? Mu Vyahishuwe 12:6 havuga ko ari imisi 1.260. Mu Vyahishuwe 12:14 havuga ko ico kiringo ari igihe, ibihe, n’igice c’igihe; ni ukuvuga ibihe bitatu n’igice. Izo mvugo zompi zingana n’imyaka itatu n’igice, mu gice ca ruguru c’umubumbe w’isi ikaba yatanguye mu mpeshi yo mu 1919 irangira mu gatasi ko mu 1922. Ku bagize umugwi wa Yohani bari basubijwe umutamana, ico cari ikiringo co kugarura agatege no kwongera kwitunganya.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika