ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Umusi w’Urubanza ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
    • Mu Vyahishuwe 20:11, 12, havuga ukuntu intumwa Yohani adondora ibizoba ku Musi w’Urubanza hati: “Mbona intebe y’ubwami yera nini n’uwuyicayeko. Isi n’ijuru bihunga biva imbere yiwe, kandi nta kibanza cabonetse ku bwavyo. Mbona abapfuye, abahambaye n’abato, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri.” Uwo Mucamanza avugwa ng’aho ni nde?

  • Umusi w’Urubanza ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
    • Muri ico kiringo c’imyaka igihumbi, Yezu Kristu “[a]zocira imanza abazima n’abapfuye.” (2 Timoteyo 4:1) Abo “bazima” bazoba ari rya “sinzi rinini” rizorokoka Harumagedoni. (Ivyahishuwe 7:9-17) Intumwa Yohani yarabonye kandi “abapfuye . . . bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami” y’urubanza. Nk’uko Yezu yabisezeranye, “abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Kristu bazivemwo]” biciye kw’izuka. (Yohani 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15) None abantu bose bazocirwa urubanza hisunzwe iki?

      Nk’uko intumwa Yohani yabibonye mu vyo yeretswe, ‘imizingo yarazinguruwe,’ maze “abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri.” (Ivyahishuwe 20:12) Mbega muri iyo mizingo hazoba harimwo ivyo abantu bazoba barakoze kera? Oya, urubanza ntiruzoshingira ku vyo abantu bakoze imbere y’uko bapfa. Ivyo tubimenyeshwa n’iki? Bibiliya ivuga iti: “Uwupfuye aba akuweko igicumuro ciwe.” (Abaroma 6:7) Ni nk’aho rero ibicumuro vy’abantu bazuka biba vyaramaze guhanagurwa. Iyo mizingo rero itegerezwa kuba igereranya ibindi bintu Imana izoba isaba. Kugira ngo abarokotse Harumagedoni canke abazutse babeho ibihe bidahera, bose bazotegerezwa kugamburuka amategeko y’Imana, harimwo n’ibisabwa bishasha Yehova ashobora kuzohishura mu kiringo ca ya myaka igihumbi. Ku bw’ivyo, abantu bazocirwa urubanza hisunzwe ivyo bazoba bakoze mu kiringo c’uwo Musi w’Urubanza.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika