ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyiza bizozanwa n’Umusi w’urubanza w’Imana!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 7, 8. (a) Ni umuzingo uwuhe uzingururwa, kandi ni ibiki bica biba? (b) Ni bande batazozuka?

      7 Yohani yongerako ati: “Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri. Maze ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo birekura abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza umwumwe nk’uko ibikorwa vyabo biri.” (Ivyahishuwe 20:12b, 13) Mbega igitangaza! ‘Ikiyaga, urupfu n’ukuzimu,’ kimwe cose kiragira uruhara, ariko ayo majambo ntafise insobanuro zitandukanye.a Igihe Yona yari mu nda y’urufi, akaba rero yari mu kiyaga, yavuze ko yari mu kuzimu. (Yona 2:2) Igihe umuntu ahitanywe n’urupfu rwakwezwe na Adamu, na we nyene aba agiye mu kuzimu. Ayo majambo y’ubuhanuzi arerekana neza ko ata muntu n’umwe azokwibagirwa.

  • Ivyiza bizozanwa n’Umusi w’urubanza w’Imana!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • a Mu bazozuka bavuye mu kiyaga ntihazoba harimwo ba bagarariji bo kw’isi batikizwa n’Umwuzure wo mu gihe ca Nowa. Urubanza rwabo ni ntabanduka, nk’uko bizogendera abo Yehova azocira urwo gupfa mu gihe ca ya makuba akomeye.—Matayo 25:41, 46; 2 Petero 3:5-7.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika