2 Abatesalonika
2 Ariko ga bene wacu, ku bijanye n’ukuhaba+ kw’Umukama wacu Yezu Kristu be n’ugukoranirizwa hamwe kwacu ngo tube kumwe na we+, tubasavye 2 kutanyiganyizwa ningoga ngo muve ku kwiyumvira kwanyu, canke ngo hagire ijambo ry’irihumekano+ ribakabura canke ubutumwa bwo ku munwa+ canke ikete+ nk’aho vyoba bivuye iwacu, bivuga ko umusi+ wa Yehova ushitse.
3 Ntihagire uwubaryosharyosha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoza bwa buhuni+ butabanje kuza na wa muntu w’ubugarariji+ agahishurwa+, wa mwana wo kuranduka+. 4 Ararwanya+ akongera akishira hejuru y’umuntu wese yitwa “imana” canke ikintu gisengwa, ku buryo yicara mu rusengero rwa Ya Mana, akiyerekana ku mugaragaro ko ari imana+. 5 Ntimwibuka yuko ivyo bintu nahora ndabibabwira+ nkiri kumwe namwe?
6 Kandi ubu rero murazi ikintu+ kibaye intambamyi ico ari co+, kugira ngo ahishurwe mu gihe ciwe+. 7 Ego ni ko, akayobera k’ubwo bugarariji karamaze gutangura gukora+; mugabo ni gushika gusa aho uwuri intambamyi ubu azovira mu nzira+. 8 Ni ho vy’ukuri nya mugarariji azohishurwa, uwo Umukama Yezu azokuzaho impwemu yo mu kanwa kiwe+ akamuhinduza ubusa ukwigaragaza+ kw’ukuhaba kwiwe+. 9 Mugabo ukuhaba kw’uwo mugarariji kwisunga ikora+ rya Shetani riri kumwe n’ibikorwa vy’ububasha vyose n’ibimenyetso be n’ibitangaza vy’ububeshi+ 10 be n’uruhendo+ rwose rujana n’ibitagororotse ku bariko baratikira+, bikababera nk’impembo kubera ko batemeye gukunda+ ukuri ngo bakizwe+. 11 Ni co gituma Imana ireka ubuzimire bukabakorerako, ngo bemere ikinyoma+, 12 kugira ngo bacirwe urubanza bose kubera batemeye ukuri+, mugabo bagahimbarwa n’ibitagororotse+.
13 Ariko ntitworeka kwama dukengurukira Imana ku bwanyu, yemwe bene wacu bakundwa na Yehova, kubera ko Imana yabarobanuye+ guhera mu ntango ngo muronke ubukiriro mu kubezesha+ impwemu+ no mu kwizera mufise mu kuri+. 14 Iryo hangiro nyene ni ryo yabahamagariye biciye ku nkuru nziza tumenyesha+, kugira ngo turonke ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu+. 15 Nuko rero, bene wacu, muhagarare mushikamye+ kandi mugumye ivyo mwashikirijwe+, vyaba vyaciye ku butumwa bwo ku munwa canke kw’ikete ryacu. 16 Vyongeye, Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana Data wa twese yadukunze+ ikaduha uruhoza rw’ibihe bidahera be n’icizigiro ciza+ biciye ku buntu ata wari abukwiriye, 17 bahoze imitima yanyu bongere babashikamishe mu gikorwa ciza cose n’ijambo ryiza ryose+.