Ngoma za kabiri
1 Ubwami bwa Salomo umuhungu wa Dawidi burushiriza gukomera. Yehova Imana yiwe yari kumwe na we, kandi yatumye aba uwuhambaye cane+.
2 Nuko Salomo atumako Abisirayeli bose: abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100, abacamanza, abakuru bose bo muri Isirayeli yose n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango* bavamwo. 3 Maze Salomo n’ishengero ryose baja ku kibanza co gusengeramwo* cari i Gibeyoni+. Ni ho hari ihema ry’ibonaniro ry’Imana y’ukuri, rimwe Musa wa musavyi wa Yehova yari yarubatse mu bugaragwa. 4 Ariko isandugu y’Imana y’ukuri, Dawidi yari yarayikuye i Kiriyati-Yeyarimu+ ayizana mu kibanza yayiteguriye, mw’ihema yayishingiye i Yeruzalemu+. 5 Ca gicaniro c’umujumpu+ cari carakozwe na Bezaleli+ umuhungu wa Uri, Uri mwene Huru, coco cari imbere y’ihema ryeranda rya Yehova. Salomo n’ishengero ryose bama basengera imbere yaco*. 6 Salomo araheza ashikana amashikanwa ng’aho imbere ya Yehova. Yatanze amashikanwa aturirwa 1.000, ayatangira kuri ico gicaniro+ c’umujumpu cari kw’ihema ry’ibonaniro.
7 Mw’ijoro Imana ibonekera Salomo imubwira iti: «Saba ico ugomba ko ndaguha+.» 8 Salomo aca yishura Imana ati: «Dawe Dawidi wamweretse urukundo* rwinshi+, kandi wangize umwami mu kibanza ciwe+. 9 None rero Yehova Mana, nushitse ivyo wasezeraniye dawe Dawidi+ kuko wangize umwami w’abantu benshi nk’umukungugu wo kw’isi+. 10 Ndagusavye rero, umpe ubukerebutsi* n’ubumenyi+ kugira ngo nshobore kuyobora neza aba bantu*. Ahandiho sinogenda nshoboye gucira imanza aba bantu bawe n’ingene ari benshi+.»
11 Maze Imana ibwira Salomo iti: «Ko ivyo ari vyo umutima wawe wipfuza, ukaba utasavye itunga canke ibihinda, ntusabe icubahiro canke agatwe* k’abakwanka canke ukuramba*, mugabo ukisabira ubukerebutsi n’ubumenyi kugira ngo ucire imanza abantu banje naguhaye ngo ubaganze+, 12 ubwo bukerebutsi n’ubumenyi nzobiguha. Nzoguha n’itunga, nguhe n’ibihinda n’icubahiro ata mwami n’umwe araronka mu babayeho imbere yawe, kandi no mu bazoza inyuma yawe nta wuzobironka+.»
13 Maze Salomo ava muri ico kibanza co gusengeramwo c’i Gibeyoni+, ahari ihema ry’ibonaniro, aja i Yeruzalemu, abandanya kuganza Isirayeli. 14 Salomo aguma agwiza imikogote n’amafarasi*. Yari afise imikogote 1.400 n’amafarasi* 12.000+. Bimwe vyari mu bisagara abikamwo imikogote+, ibindi bikaba i Yeruzalemu hafi y’aho yaba+. 15 Umwami Salomo yatumye ifeza n’inzahabu bigwira nk’amabuye+ i Yeruzalemu, ibiti vy’amasederi na vyo bigwira nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu karere ka Shefela+. 16 Amafarasi ya Salomo bayakura mu Misiri+. Abadandaza b’umwami bagura ubusho bw’amafarasi* ku kiguzi cashinzwe+. 17 Umukogote uvuye mu Misiri wagurwa ifeza 600, ifarasi na yo ikagurwa 150. Baraheza bakabigurisha ku bami bose b’Abaheti n’abami ba Siriya.