Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
14 Abantu b’imburabwenge bibwira mu mutima ngo:
«Yehova nta wuriho+.»
Ibikorwa vyabo ni bibi kandi inyifato yabo irasesemye.
Nta n’umwe akora ivyiza+.
2 Ariko Yehova aguma yitegereza abantu yibereye mw’ijuru,
kugira arabe ko hari n’umwe afise ugutahura*, ko hari n’umwe arondera Yehova+.
Nta n’umwe akora iciza,
eka nta n’umwe.
4 Mbega mu banyakibi nta n’umwe afise ugutahura?
Barya abantu banje nka kurya barya umukate.
Ntibigera batabaza Yehova.
6 Mwebwe abanyakibi muguma murondera kuburabuza imigambi y’umuntu mutoyi,
ariko Yehova ni we buhungiro bwiwe+.
7 Icompa ubukiriro bwa Isirayeli bukaza buvuye i Siyoni+!
Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe,
Yakobo azonezerwa, Isirayeli ahimbarwe.