ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 14
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • Ingene abantu b’imburabwenge bameze

        • «Yehova nta wuriho» (1)

        • «Nta n’umwe akora iciza» (3)

Zaburi 14:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 10:4; Yes 29:16
  • +Zb 53:akajambo k’intangamarara-6; Rm 3:10-12

Zaburi 14:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ugutahura kwimbitse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 16:9; Zb 33:13-15; Heb 11:6

Zaburi 14:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ums 7:29

Zaburi 14:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «iyaruka ry’abagororotsi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 15:16

Zaburi 14:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 9:9; 142:5

Zaburi 14:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 11:26, 27

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 14:1Zb 10:4; Yes 29:16
Zab. 14:1Zb 53:akajambo k’intangamarara-6; Rm 3:10-12
Zab. 14:22Ng 16:9; Zb 33:13-15; Heb 11:6
Zab. 14:3Ums 7:29
Zab. 14:5Kv 15:16
Zab. 14:6Zb 9:9; 142:5
Zab. 14:7Rm 11:26, 27
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 14:1-7

Zaburi

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.

14 Abantu b’imburabwenge bibwira mu mutima ngo:

«Yehova nta wuriho+.»

Ibikorwa vyabo ni bibi kandi inyifato yabo irasesemye.

Nta n’umwe akora ivyiza+.

 2 Ariko Yehova aguma yitegereza abantu yibereye mw’ijuru,

kugira arabe ko hari n’umwe afise ugutahura*, ko hari n’umwe arondera Yehova+.

 3 Bose barataye inzira igororotse+.

Bose barononekaye.

Nta n’umwe akora iciza,

eka nta n’umwe.

 4 Mbega mu banyakibi nta n’umwe afise ugutahura?

Barya abantu banje nka kurya barya umukate.

Ntibigera batabaza Yehova.

 5 Ariko bazotekerwa n’ubwoba bwinshi+,

kuko Yehova ari kumwe n’abagororotsi*.

 6 Mwebwe abanyakibi muguma murondera kuburabuza imigambi y’umuntu mutoyi,

ariko Yehova ni we buhungiro bwiwe+.

 7 Icompa ubukiriro bwa Isirayeli bukaza buvuye i Siyoni+!

Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe,

Yakobo azonezerwa, Isirayeli ahimbarwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika