Zaburi
Ni indirimbo yo kwinjira inzu. Ni zaburi ya Dawidi.
2 Ewe Yehova Mana yanje, naragutabaje nawe urankiza+.
3 Ewe Yehova, warandugije unkura mu kuzimu+.
Waranzigamye, undinda kumanuka mu cobo*+.
4 Nimuririmbire amashemezo* Yehova, yemwe ntahemuka ziwe+,
nimuhayagize izina* ryiwe ryeranda+.
Umuntu yoshobora kurira ku mugoroba, ariko mu gitondo akavuza impundu+.
6 Igihe nari nitekaniye, navuze nti:
«Sinzokwigera nyiganyizwa*.»
7 Ewe Yehova, ngishimwa* nawe nari nkomeye nk’umusozi+.
Ariko igihe wampisha mu maso hawe, narahagaritse umutima+.
9 None ndamutse mpfuye*, nkaja mu kuzimu, bikwungura iki+?
Mbega umukungugu uzoguhaya+? Uzovuga ibijanye n’ubwizigirwa bwawe+?
10 Ewe Yehova, nunyumve ungirire ubuntu+.
Ewe Yehova, numbere umutabazi+.
11 Ikigandaro canje wagihinduye intambo.
Wanyambuye amagunira maze unyambika umunezero,
12 kugira ngume ndakuririmbira* amashemezo, sinigere ncereza.
Ewe Yehova Mana yanje, nzogushemeza ibihe bidahera.