Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ntuhonye.» Ni indirimbo ya Dawidi, igihe Sawuli yatuma abantu kurereka inzu ya Dawidi kugira bamwice+.
59 Ewe Mana yanje, nunkize abansi banje+.
Nunkingire abampagurukiye kugira bandwanye+.
2 Nunkize inkozi z’ikibi,
undokore mu bantu b’ababisha.
3 Ewe Yehova, ehe banyibundiye+.
Abagabo bakomeye bariko barantera,
ariko ntibampora kugarariza canke gucumura+.
4 Naho ata kibi nakoze, bariruka bakitegura kugira bantere.
Nuhaguruke iyo ngutabaje, urabe ivyo bakora.
5 Kuko uri Imana ya Isirayeli, ewe Yehova+ Mana Nyeningabo.
Nuhaguruke uhane amahanga yose.
Ntihagire n’umwe ugirira ikigongwe muri abo babisha b’ibihemu+. (Sela)
6 Bama bagaruka buri mugoroba+.
Barakuga nk’imbwa+, bakazunguruka igisagara+.
7 Raba ibiva mu kanwa kabo.
Iminwa yabo imeze nk’inkota+,
kuko bibwira bati: «Hari uwutwumva+?»
8 Ariko wewe ga Yehova, uzobatwenga+.
Uzotwengera mw’ijigo amahanga yose+.
9 Ewe nkomezi zanje, nzoguma nguhanze amaso+,
kuko uri ubuhungiro bwanje butekanye, ewe Mana+!
10 Ya Mana y’urukundo izomfasha+.
Imana izotuma nitegereza ugutemba kw’abansi banje+.
11 Ntubice, kugira abantu banje ntibavyibagire.
Nubashwiragize ukoresheje ububasha bwawe.
Ewe Yehova nkinzo yacu+, nutume batemba.
12 Nibagwe mu mutego kubera ubwishime bwabo+,
kubera igicumuro c’akanwa kabo n’amajambo bavuga,
kubera imivumo yabo hamwe n’ibinyoma bavuga.
13 Nubatikize warakaye+,
ubatikize ntibasubire kubaho,
bamenye ko Imana ari yo iganza muri Yakobo no gushika ku mpera y’isi+. (Sela)
14 Nubareke bagaruke ku mugoroba.
Bareke bakuge nk’imbwa, bazunguruke igisagara+.
15 Bareke bayerere barondera ico barya+,
ntibigere bahaga canke ngo baronke aho baba.
16 Ariko jewe nzoririmba inkomezi zawe+.
Mu gitondo nzovuga mpimbawe ibijanye n’urukundo rwawe.
Kuko uri ubuhungiro bwanje butekanye+
n’ahantu mpungira mu bihe vy’amagorwa+.
17 Ewe nkomezi zanje, nzokuririmbira amashemezo+,
kuko uri ubuhungiro bwanje butekanye, ewe Mana inkunda cane+.