Ku mukuru w’abaririmvyi: ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya baregereye kw’ijwi ryo hasi. Ni zaburi ya Dawidi.
6 Ewe Yehova, ntumpane washavuye
kandi ntunkosore warakaye+.
2 Nunyumvire impuhwe Yehova, kuko utuguvu twamperanye.
Nunkize ewe Yehova+, kuko natekewe n’ubwoba.
3 Ni ukuri nataye umutwe birenze+,
ku buryo nkubaza nti: bizoguma gutya gushika ryari ga Yehova+?
4 Ewe Yehova, nugaruke untabare+.
Nunkize kubera urukundo rwawe+.
5 Erega abapfuye ntibashobora kuvuga ivyawe.
Ni nde yogushemeza ari mu kuzimu+?
6 Narushe kubera ukuboroga+.
Ijoro ryose ndara ndarira n’igitanda kikajoba.
Uburiri bwanje bwatose kubera amosozi+.
7 Utwiso twaregeye kubera intuntu+,
twayamye kubera abantu bose baguma bantoteza.
8 Mva iruhande mwese abakora ivy’ububisha.
Erega Yehova azokwumva amarira yanje+.
9 Yehova azokwumva ugutakamba kwanje+.
Yehova azokwemera isengesho ryanje.
10 Abansi banje bose bazomaramara bumirwe.
Bazosubira inyuma ningoga kubera ibimaramare+.