ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Ntukice+.

  • Guharura 35:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ivyo bisagara bize bibabere aho guhungira umuhōzi w’amaraso+, kugira ngo uwishe umuntu ntapfe atarahagarara imbere y’ikoraniro ngo acirwe urubanza+.

  • Guharura 35:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 “‘Uwo wese akubise umuntu agapfa aze yicwe nk’umwicanyi+, bivuye ku ntahe ishinzwe* n’ivyabona+, mugabo icabona kimwe ntigishobora kwagiriza umuntu ngo yicwe.

  • Gusubira mu vyagezwe 19:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Ahandiho, umuhōzi+ w’amaraso, kubera umutima wiwe warunguriye n’ishavu, yohava yoma inyuma uwo yishe umuntu akamuhamvya, kubera ko inzira ari ndende. Yohava amukubita agapfa, kandi ata rubanza rwo gupfa+ akwiriye, kuko atari asanzwe amwanka.

  • 2 Samweli 4:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 mbega sinorushiriza kubigenza gutyo mu gihe abagabo b’ababisha+ biciye umuntu agororotse mu nzu yiwe, ku gitanda ciwe? None ubu sinkwiye kwishuza amaraso yiwe mu maboko yanyu+, nkabakura kw’isi+?”

  • Matayo 24:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Maze ikimenyetso c’Umwana w’umuntu+ kizoboneka mw’ijuru, maze imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza iboroga+, kandi bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+.

  • Ivyahishuwe 21:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nayo abanyabwoba n’abatagira ukwizera+, n’abasesemye bagendera mu mucafu+ wabo, be n’abicanyi+ n’abasambanyi+, n’abagira ivy’ubupfumu n’abasenga ibigirwamana+ n’ababeshi+ bose, umugabane wabo uzoba muri ca kiyaga cakishwa umuriro+ n’amazuku+. Ico gisobanura urupfu rwa kabiri+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika