21 Maze yinjiza nya Sandugu mw’itaberenakulo araheza ashira ya rido+ y’igikingirizo mu kibanza hanyuma yugara inzira ishika kuri ya sandugu y’igishingantahe+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
2 Yehova abwira Musa ati: “Barira Aroni mwene wanyu, ntaze arinjira ibihe vyose ha hantu heranda+ inyuma y’irido+, imbere ya wa murumyo uri kw’Isandugu, kugira ntapfe+, kuko nzoseruka mu gicu+ hejuru ya nya murumyo+.
6 Maze abaherezi binjiza isandugu+ y’isezerano rya Yehova mu kibanza cayo+, mu cumba c’ahitereye ca ya nzu, Aheranda Rwose, munsi y’amababa ya ba bakerubi+.