Itanguriro 15:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nuko atangura kubwira Aburamu ati: “Umenye neza yuko uruvyaro rwawe ruzocika kavamahanga mu gihugu kitari icabo+, kandi bazobwirizwa gukorera abantu baho, kandi bano bazobateza amarushwa imyaka amajana ane+. Ivyakozwe 7:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Vyongeye, kuri ivyo Imana yavuze yuko uruvyaro rwiwe rwobaye kavamahanga+ mu gihugu kinyamahanga+ kandi abantu baho bakabagira abaja bakongera bakabateza amarushwa imyaka amajana ane+. Abagalatiya 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ico mvuga kandi ni iki: Ku bijanye n’isezerano ryemejwe n’Imana kera+, Itegeko ryaje inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu+ ntirishobora kurihindura ubusa ku buryo rikuraho umuhango+.
13 Nuko atangura kubwira Aburamu ati: “Umenye neza yuko uruvyaro rwawe ruzocika kavamahanga mu gihugu kitari icabo+, kandi bazobwirizwa gukorera abantu baho, kandi bano bazobateza amarushwa imyaka amajana ane+.
6 Vyongeye, kuri ivyo Imana yavuze yuko uruvyaro rwiwe rwobaye kavamahanga+ mu gihugu kinyamahanga+ kandi abantu baho bakabagira abaja bakongera bakabateza amarushwa imyaka amajana ane+.
17 Ico mvuga kandi ni iki: Ku bijanye n’isezerano ryemejwe n’Imana kera+, Itegeko ryaje inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu+ ntirishobora kurihindura ubusa ku buryo rikuraho umuhango+.