14 “‘Kandi mu gihe kavamahanga yoba abana namwe ari kavamahanga, na we nyene aze ategurire Yehova ikimazi ca pasika+. Azobigira yisunze icagezwe ca pasika be n’ukuntu ivyaco bisanzwe bigirwa+. Hakwiye kubaho icagezwe kimwe kuri mwebwe, haba kuri kavamahanga canke ku mvukira y’igihugu+.’”