2 “Ubwire bene Isirayeli uti: ‘Umuntu wese wo muri bene Isirayeli, na kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga muri Isirayeli, azoha Moleki+ uwo ari we wese mu ruvyaro rwiwe, ntaze abure kwicwa. Abanyagihugu baze bamutere amabuye apfe.
7 Ico gihe ni ho Salomo yatangura kwubakira ikibanza gikirurutse+ Kemoshi+ ikintu gisesemye+ ca Mowabu ku musozi+ wari imbere+ ya Yeruzalemu, na Moleki ikintu gisesemye ca bene Amoni.
10 Tofeti+, ahari mu mubande wa bene Hinomu+, ahagira ahatabereye ku bw’ugusenga, kugira ngo ntihagire uwucisha umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe mu muriro+ ku bwa Moleki+.
43 Ahubwo ihema rya Moloki+ be n’inyenyeri+ y’imana Refani ni vyo mwatwaye, bikaba ari ibishusho mwakoze ngo mubisenge. Ku bw’ivyo rero nzobambukana+ hirya ya Babiloni.’