ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 141:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Hamwe umugororotsi yonkubita, bwoba ari ubuntu bwuzuye urukundo angiriye+;

      Hamwe yonkangira na ho, yoba ari amavuta ku mutwe+,

      Ayo umutwe wanje utoruha wanka+.

      Kuko hoba hakiriho mbere isengesho ryanje mu gihe c’ivyago vyabo+.

  • Imigani 9:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ntukangire umushinyaguzi, kugira ngo ntakwanke+. Kangira umuntu w’inkerebutsi, na we azogukunda+.

  • Matayo 18:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 “Vyongeye, nimba mwene wanyu acumuye, genda werekane neza ikosa ryiwe, hagati yawe na we mwenyene+. Niyakwumviriza, uzoba ugaruye mwene wanyu+.

  • Abagalatiya 2:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ariko igihe Kefa+ yaza muri Antiyokiya+, naramurwanije amaso mu yandi, kubera ko yari n’ikimutsinda+.

  • 1 Timoteyo 5:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ukangire+ mu maso ya bose abantu baza baracumura+, kugira ngo abandi na bo batinye+.

  • Tito 1:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Iyo ntahe ni iy’ukuri. Ico nyene nigitume uguma ubakangira ubahambarira+, kugira ngo bagire amagara meza+ mu kwizera,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika