ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 15:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ivutu n’ukuranduka umutima bizobagwako+.

      Kubera ubukuru bw’ukuboko kwawe, bazoba abadakakaza nk’ibuye,

      Gushika abantu bawe+ barenganye, ewe Yehova,

      Gushika abantu wishiriyeho+ barenganye+.

  • Kuvayo 19:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ubu rero nimwagamburuka vy’ukuri+ ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje+, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose+, kuko isi yose ari rwanje+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka+.

  • Gusubira mu vyagezwe 26:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 kandi ko azogushira hejuru cane y’ayandi mahanga yose yaremye+, bivemwo ishemezo, izina ryiza n’ubwiza, niwerekana ko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+, nk’uko yasezeranye.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika