Kuvayo 3:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Imana ica ibwira Musa iti: “NZOCIKA ICO NZOCIKA+.” Yongerako iti: “Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘NZOCIKA yabantumyeko+.’” Kuvayo 6:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Kandi ata gukeka nzobazana kuri jewe mube abantu banje+, nanje nzobabera Imana koko+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu ariko arabakura munsi y’imizigo ya Misiri+. 1 Abami 18:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 Nunyishure, ewe Yehova, nunyishure, kugira ngo aba bantu bamenye yuko wewe, Yehova+, ari wewe Mana y’ukuri kandi ko ari wewe wagarukanye umutima wabo+.” 2 Abami 19:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 None rero, ewe Yehova Mana yacu+, turakwinginze udukize+ mu kuboko kwiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene+.” Zaburi 83:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Kugira bamenye+ yuko wewe, uwitwa Yehova+,Ari wewe wenyene Musumbavyose+ kw’isi yose+.
14 Imana ica ibwira Musa iti: “NZOCIKA ICO NZOCIKA+.” Yongerako iti: “Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘NZOCIKA yabantumyeko+.’”
7 Kandi ata gukeka nzobazana kuri jewe mube abantu banje+, nanje nzobabera Imana koko+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu ariko arabakura munsi y’imizigo ya Misiri+.
37 Nunyishure, ewe Yehova, nunyishure, kugira ngo aba bantu bamenye yuko wewe, Yehova+, ari wewe Mana y’ukuri kandi ko ari wewe wagarukanye umutima wabo+.”
19 None rero, ewe Yehova Mana yacu+, turakwinginze udukize+ mu kuboko kwiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene+.”