ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 3:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Imana ica ibwira Musa iti: “NZOCIKA ICO NZOCIKA+.” Yongerako iti: “Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘NZOCIKA yabantumyeko+.’”

  • Kuvayo 6:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Kandi ata gukeka nzobazana kuri jewe mube abantu banje+, nanje nzobabera Imana koko+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu ariko arabakura munsi y’imizigo ya Misiri+.

  • 1 Abami 18:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 Nunyishure, ewe Yehova, nunyishure, kugira ngo aba bantu bamenye yuko wewe, Yehova+, ari wewe Mana y’ukuri kandi ko ari wewe wagarukanye umutima wabo+.”

  • 2 Abami 19:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 None rero, ewe Yehova Mana yacu+, turakwinginze udukize+ mu kuboko kwiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene+.”

  • Zaburi 83:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kugira bamenye+ yuko wewe, uwitwa Yehova+,

      Ari wewe wenyene Musumbavyose+ kw’isi yose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika