ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 9:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nawe niwagendera+ imbere yanje, nk’uko Dawidi+ so yagenze, ukagendana ugutungana*+ kw’umutima be n’ukugororoka+, mu gukora wisunze ivyo nagutegetse+ vyose, ukongera ukagumya ingingo nyobozi zanje+ n’ingingo zanje z’ubutungane+,

  • 1 Abami 11:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Mu gihe c’ubusaza bwa Salomo+, abagore biwe bari barahengekeye+ umutima wiwe ku gukurikira izindi mana+; nuko umutima wiwe ntiwaba uwukwiye+ ku vyerekeye Yehova Imana yiwe, nk’umutima wa Dawidi se wiwe.

  • Zaburi 89:49
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 49 Ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vyawe vya kera biri hehe ga Yehova,

      Ivyo warahiye Dawidi mu bwizigirwa bwawe+?

  • Zaburi 132:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ng’aho, nzokuza ihembe rya Dawidi+.

      Natunganirije itara uwo narobanuje amavuta+.

  • Yesaya 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ukugwira kw’ubutware bwa kiganwa+ be n’amahoro ntibizogira iherezo+, ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ no ku bwami bwiwe, kugira ngo bushimangirwe+ no kugira ngo bushigikizwe ubutungane+ n’ubugororotsi+, kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero*. Umwete nyene wa Yehova nyen’ingabo uzobikora+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika