19 Umuherezi aze afate urutugu rubijijwe+ ruvuye kuri nya mpfizi y’intama, n’agatsima kamwe kameze nk’ikigōmbo katarimwo umwambiro kavuye mu gisimbo, n’agakate+ katarimwo umwambiro kamwe, abishire ku biganza vya nya Munaziri igihe azoba amaze kwimwesha ikimenyetso c’Ubunaziri bwiwe.