Zaburi 72:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kuko azorokora umworo atabaza+,N’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha+. Imigani 21:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nayo uwiziba ugutwi ngo ntiyumve umwidogo w’umuntu mutoyi+, na we nyene azohamagara ntiyishurwe+. Imigani 24:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Rokora abariko bajanwa ku rupfu; kandi abadandabagirana baja kwicwa, ese wobatangīra+!