Kuvayo 29:45 Bibiliya y’isi nshasha 45 Nzocumbika hagati ya bene Isirayeli, mbe Imana yabo+. Zaburi 68:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Kubera iki ga mwa misozi y’amasonga muguma murabana ishariUmusozi Imana yashatse kubako+?Mbere Yehova ubwiwe azohaba ibihe bidahera+. Zaburi 132:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Aha ni ho hantu hanje h’ukuruhukira ibihe bidahera+;Aha ni ho nzoba, kuko nahacambiwe+. Yoweli 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+, umwe aba i Siyoni wa musozi wanje mweranda+. Kandi Yeruzalemu hategerezwa gucika ahantu heranda+; nayo ab’ahandi, ntibazokwongera kuhaca+. 2 Abakorinto 6:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Kandi urusengero rw’Imana ruhuza rute n’ibigirwamana+? Kuko turi urusengero+ rw’Imana nzima; nk’uko Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo+ ngendere muri bo, kandi nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje+.”
16 Kubera iki ga mwa misozi y’amasonga muguma murabana ishariUmusozi Imana yashatse kubako+?Mbere Yehova ubwiwe azohaba ibihe bidahera+.
17 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+, umwe aba i Siyoni wa musozi wanje mweranda+. Kandi Yeruzalemu hategerezwa gucika ahantu heranda+; nayo ab’ahandi, ntibazokwongera kuhaca+.
16 Kandi urusengero rw’Imana ruhuza rute n’ibigirwamana+? Kuko turi urusengero+ rw’Imana nzima; nk’uko Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo+ ngendere muri bo, kandi nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje+.”