Yoweli
3 “Kuko ehe, muri iyo misi no muri ico gihe+, ninagarukana imbohe za Yuda na Yeruzalemu+, 2 nzokoraniriza hamwe rero amahanga yose+, ndayamanukane mu kiyaya co hasi ca Yehoshafati+; kandi nzobūranirayo na bo kubera abantu banje n’intoranwa yanje Isirayeli+, abo basanzaje mu mahanga; kandi bagabaguye igihugu canje+. 3 Bagumye bapfindira ubupfindo abantu banje+, bagatanga umwana w’umuhungu bamukavye umumaraya+, umwana w’umukobwa bakamugurisha bamukavye umuvinyu, ngo binywere.
4 “Namwe none, muhuriye ku ki nanje ga yemwe Tiro na Sidoni+ na mwebwe turere twa Filisitiya+? Mbega ivyo ni vyo mungirira nka yo mpembo mumpaye? Nimba ivyo ari vyo mungirira, nzobibishura ningoga, bimwe vyihuta, muvyikorere ku mitwe yanyu+. 5 Kuko mwatwaye ifeza yanje n’inzahabu yanje+, ibintu vyanje vyiza bihimbaye mukabizana mu nsengero zanyu+; 6 abana ba Yuda be n’abana ba Yeruzalemu mwarabagurishije+ ku bana b’Abagiriki+, kugira ngo mubomorere kure y’akarere kabo bwite+; 7 ehe ngira ndabavyure baze bavuye iyo mwabagurishije+, kandi ivyo mwagize nzobibishura muvyikorere ku mitwe yanyu+. 8 Abahungu banyu n’abakobwa banyu nzobagurisha mu kuboko kw’abana ba Yuda+, na bo babagurishe ku bantu b’i Sheba+, kw’ihanga rya kure+; kuko Yehova ubwiwe abivuze.
9 “Nimutangaze ibi mu mahanga+, muti: ‘Nimweze intambara! Nimuvyure abanyabubasha+! Nibigire hafi! Abarwanyi bose nibaduge+! 10 Nimuhondagure ibirimisho vyanyu mubikuremwo inkota, n’imihoro yo gututūra muyikuremwo+ amacumu. Nayo uwuri goyigoyi, navuge ati: “Ndi umunyabubasha+.” 11 Nimugire ico mufashije, muze, yemwe mahanga mwese muri hirya no hino+, mwikoranirize hamwe+.’”
Manukana abanyabubasha bawe muri ico kibanza, Yehova we+!
12 “Amahanga navyuke, aduge mu kiyaya co hasi ca Yehoshafati+; kuko ari ho nzovyagira ngo ncire imanza amahanga yose ari hirya no hino+.
13 “Nimutume agakero+, kuko ivyimburwa vyeze+. Nimuze, nimumanuke, kuko uruganiro rw’umuvinyu rwuzuye+. Ibikono vyo kuganiramwo birasesekaye; kuko ububi bwabo bwagwiriye+. 14 Amasinzi, amasinzi ari mu kiyaya co hasi co gushitsa ingingo+, kuko umusi wa Yehova uri hafi, mu kiyaya co hasi co gushitsa ingingo+. 15 Izuba n’ukwezi ntibizobura gucura umwiza, n’inyenyeri zikadohora ukwakaka kwazo+. 16 Yehova azorohera i Siyoni nk’intambwe, yumvikanishirize ijwi ryiwe i Yeruzalemu+. Emwe, ijuru n’isi bizotigita+; ariko Yehova azobera ubuhungiro abantu biwe+, abere n’iboma bene Isirayeli+. 17 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+, umwe aba i Siyoni wa musozi wanje mweranda+. Kandi Yeruzalemu hategerezwa gucika ahantu heranda+; nayo ab’ahandi, ntibazokwongera kuhaca+.
18 “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+, imirambi itembe amata, n’inzira z’imigezi za Yuda zose zitembe amazi. Kandi imbizi izotemba ivuye mu nzu ya Yehova+, inyoshe umwonga w’Ibiti vy’Iminyinya+. 19 Nayo Misiri, izocika igiharabuga+; Edomu na yo izocika agahinga k’igiharabuga+, kubera ubukazi bagiriye abana ba Yuda, bagasēsa mu gihugu c’abo bana ba Yuda amaraso y’intungane+. 20 Ariko Yuda yoyo, bazoyibamwo gushika igihe kitagira urugero+, Yeruzalemu bayibemwo uko iyaruka rikurikira irindi+. 21 Amaraso yabo ntahora mfata ko ari ay’intungane, nzoyafata ko ari ay’intungane+; kandi Yehova azoba i Siyoni+.”