18 Uwundi mumarayika asokoroka mu gicaniro, kandi yari afise ububasha ku muriro+. Asemerera n’ijwi rirenga abwira wa wundi yari afise agakero gakarishe, ati: “Rungika agakero kawe gakarishe wegeranye imisoko y’umuzabibu w’isi+, kuko inzabibu zawo zihiye.”