Kuvayo 33:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Yongerako ati: “Ntushobora kubona mu maso hanje, kuko ata muntu yombona ngo abeho+.” Yohani 6:46 Bibiliya y’isi nshasha 46 Si uko hari umuntu yabonye Data+, atari uwavuye ku Mana; uwo ni we yabonye Data+. 1 Yohani 4:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Nimba tubandanya gukundana, Imana iguma muri twebwe n’urukundo rwayo rukagirwa urutagira akanenge muri twebwe+.
12 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Nimba tubandanya gukundana, Imana iguma muri twebwe n’urukundo rwayo rukagirwa urutagira akanenge muri twebwe+.