Gusubira mu vyagezwe 14:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Kandi Umulewi+, kubera ko atagira umuturi canke intoranwa kumwe na wewe, be na kavamahanga+ n’impfuvyi* n’umupfakazi+ bari mu marembo yawe, bazoza, barye bahage; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire+ mu gikorwa cose+ c’ukuboko kwawe uzokora. Gusubira mu vyagezwe 27:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 “‘Aravumwe umuntu agoreka+ urubanza+ rwa kavamahanga+, rw’impfuvyi* n’urw’umupfakazi+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) Yobu 29:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kuko natabara umurushwa atabaza+,Impfuvyi* n’uwundi wese atagira gifasha+. Zaburi 68:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Imana, ahantu hayo heranda iba+,Ni se w’impfuvyi* ikaba n’umucamanza w’abapfakazi+.
29 Kandi Umulewi+, kubera ko atagira umuturi canke intoranwa kumwe na wewe, be na kavamahanga+ n’impfuvyi* n’umupfakazi+ bari mu marembo yawe, bazoza, barye bahage; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire+ mu gikorwa cose+ c’ukuboko kwawe uzokora.
19 “‘Aravumwe umuntu agoreka+ urubanza+ rwa kavamahanga+, rw’impfuvyi* n’urw’umupfakazi+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)