27 Nayo mwebwe, irobanurwa+ mwahawe na we riguma muri mwebwe, kandi ntimukeneye ko hagira uwubigisha+; mugabo nk’uko irobanurwa mwahawe na we ribigisha ku vyerekeye ibintu vyose+, kandi rikaba ari iry’ukuri+ atari ukubesha, kandi nk’uko ryabigishije, nimugume mwunze ubumwe+ na we.