1 Yohani
2 Bana banje bato, ndabandikiye ibi bintu ngo ntimukore igicumuro+. Yamara, nimba hagize uwukora igicumuro, turafise umufasha+ ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu, umugororotsi+. 2 Kandi uyo ni ikimazi+ c’impongano+ ku bw’ibicumuro vyacu+, yamara atari ku bw’ivyacu+ gusa ahubwo kandi ku bw’ivy’isi yose+. 3 Kandi iki ni co tumenyerako yuko twamumenye, ni ukuvuga, nimba tuguma twubahiriza amabwirizwa yiwe+. 4 Uwuvuga ngo: “Naramumenye+,” yamara akaba atubahiriza amabwirizwa yiwe+, ni umubeshi, kandi ukuri ntikuri muri we+. 5 Mugabo uwo wese yubahiriza ijambo ryiwe+, vy’ukuri muri uyo muntu ugukunda Imana kuba kwaragizwe ukutagira akanenge+. Ico ni co tumenyerako yuko twunze ubumwe na we+. 6 Uwuvuga ko aguma yunze ubumwe+ na we, ubwiwe abwirizwa kandi kubandanya agenda nk’uko uyo na we yagenda+.
7 Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndabandikiye ibwirizwa rya kera+ mwaronse kuva mu ntango+. Iryo bwirizwa rya kera ni rya jambo mwumvise. 8 Nongeye kubandikira ibwirizwa rishasha, kikaba ari ikintu c’ukuri kuri we no kuri mwebwe, kuko umwiza+ uriko urarengana, umuco+ w’ukuri na wo ukaba umaze gukayangana.
9 Uwuvuga ko ari mu muco yamara akanka+ mwene wabo, ari mu mwiza gushika n’ubu+. 10 Uwukunda mwene wabo aguma mu muco+, kandi mu bimwerekeye nta gitsitaza kihari+. 11 Mugabo uwanka mwene wabo, ari mu mwiza kandi agendera mu mwiza+, kandi ntazi iyo ariko araja+, kuko umwiza wamuhumye amaso.
12 Ndabandikiye, bana bato, kuko ibicumuro vyanyu mwabibabariwe ku bw’izina ryiwe+. 13 Ndabandikiye, mwebwe ba se, kuko mwamenye umwe ariho guhera mu ntango+. Ndabandikiye, basore+, kuko mwatsinze wa mubisha+. Ndabandikiye, bana bato+, kuko mwamenye Data+. 14 Ndabandikiye, mwebwe ba se+, kuko mwamenye umwe ariho guhera mu ntango+. Ndabandikiye, basore, kuko mukomeye+ kandi ijambo ry’Imana rikaba riguma muri mwebwe+ kandi mukaba mwaratsinze wa mubisha+.
15 Ntimukunde isi canke ibiri mw’isi+. Nimba umuntu akunda isi, urukundo rwa Data ntiruri muri we+; 16 kuko ikiri mw’isi cose+—icipfuzo c’umubiri+ n’icipfuzo c’amaso+ be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho+—kidakomoka kuri Data, ahubwo gikomoka mw’isi+. 17 Ikigeretseko, isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo+, mugabo uwukora ukugomba+ kw’Imana agumaho ibihe vyose+.
18 Bana batoyi, iyi ni yo saha ya nyuma+, kandi, nk’uko mwumvise yuko antikristu* ariko araza+, n’ubu haramaze kubaho ba antikristu benshi+; ico kikaba ari co tumenyerako yuko iyi ari yo saha ya nyuma. 19 Bavuye muri twebwe, mugabo ntibari abo muri twebwe+; kuko iyo baba abo muri twebwe, bari kugumana natwe+. Mugabo baratuvuyemwo kugira ngo vyerekanwe yuko bose atari abo muri twebwe+. 20 Kandi murafise irobanurwa riva kuri wa mweranda+; mwese murafise ubumenyi+. 21 Ndabandikiye, atari kubera ko mutazi ukuri+, mugabo kubera ko mukuzi+, no kubera ko ata kinyoma gikomoka mu kuri+.
22 Ni nde ari umubeshi atari uwuhakana ko Yezu ari we Kristu+? Uyo ni we antikristu+, uwuhakana Data n’Umwana+. 23 Umuntu wese ahakana Umwana, na Data nta we afise+. Uwemera icese+ Umwana, arafise na Data+. 24 Nayo mwebwe, ico mwumvise guhera mu ntango nikigume muri mwebwe+. Nimba ico mwumvise guhera mu ntango kiguma muri mwebwe, muzoguma kandi mwunze ubumwe+ n’Umwana, mwunze ubumwe kandi na Data+. 25 Ikigeretseko, iki ni ca kintu casezeranwa we ubwiwe yadusezeraniye: ubuzima budahera+.
26 Ibi bintu ndabibandikiye ku vyerekeye abariko bagerageza kubazimiza+. 27 Nayo mwebwe, irobanurwa+ mwahawe na we riguma muri mwebwe, kandi ntimukeneye ko hagira uwubigisha+; mugabo nk’uko irobanurwa mwahawe na we ribigisha ku vyerekeye ibintu vyose+, kandi rikaba ari iry’ukuri+ atari ukubesha, kandi nk’uko ryabigishije, nimugume mwunze ubumwe+ na we. 28 Nuko rero, bana bato+, mugume mwunze ubumwe+ na we, kugira ngo niyashirwa ahabona+ tuze tugire umwidegemvyo wo kuvuga+, ntitumaramazwe ngo tuve kuri we mu gihe c’ukuhaba kwiwe+. 29 Nimba muzi ko agororotse+, murazi yuko umuntu wese agendera mu bugororotsi yavutse kuri we+.