Kuvayo 19:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Umusi nyene bashika mu bugaragwa bwa Sinayi, bari baje bava i Refidimu+. Baca bashinga amahema ng’aho mu bugaragwa iruhande y’umusozi+. Gusubira mu vyagezwe 4:11, 12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Mwaciye muza maze muhagarara munsi y’umusozi. Uwo musozi wariko urarurumba gushika mw’ijuru. Hari umwijima, ibicu hamwe n’umwiza w’umuzimagiza+. 12 Yehova yaciye atangura kubavugisha ari mu muriro+. Mwarumvise amajambo ariko nta shusho mwabonye+. Mwumvise ijwi gusa+.
2 Umusi nyene bashika mu bugaragwa bwa Sinayi, bari baje bava i Refidimu+. Baca bashinga amahema ng’aho mu bugaragwa iruhande y’umusozi+.
11 Mwaciye muza maze muhagarara munsi y’umusozi. Uwo musozi wariko urarurumba gushika mw’ijuru. Hari umwijima, ibicu hamwe n’umwiza w’umuzimagiza+. 12 Yehova yaciye atangura kubavugisha ari mu muriro+. Mwarumvise amajambo ariko nta shusho mwabonye+. Mwumvise ijwi gusa+.