Kuvayo 22:27 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 27 Kuko ari yo yonyene afise yipfuka, ni ko gahuzu konyene afise. None azorara yipfutse iki+? Niyandirira, sinzoreka kumwumviriza kuko ndi umunyempuhwe*+. 2 Ngoma 30:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Nimwagaruka kuri Yehova, benewanyu n’abana banyu bazogirirwa akagongwe n’ababagize imbohe+ babareke bagaruke muri iki gihugu+, kuko Yehova Imana yanyu afise impuhwe* n’imbabazi+. Nimwamugarukako ntazobaheba*+.» Nehemiya 9:17 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 17 Baranse kwumva+, ntibibuka ibintu vy’agatangaza wabakoreye. Ahubwo bigize intagondwa*, bagena umukuru ngo bisubirire mu bushumba bahoramwo mu Misiri+. Mugabo wewe uri Imana yiteguriye kubabarira*, y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura kandi ifise urukundo* rwinshi+. Ni co gituma utabahevye+. Zaburi 86:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Ariko wewe ga Yehova, uri Imana y’imbabazi n’impuhwe*,iteba gushavura kandi yuzuye urukundo* n’ukudahemuka*+. Yoweli 2:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Nimutabure imitima yanyu+, atari impuzu zanyu+,maze mugaruke kuri Yehova Imana yanyu,kuko ari Imana y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura+ kandi yuzuye urukundo*+.Na we azoheza yigarure*, ntabateze ivyago.
27 Kuko ari yo yonyene afise yipfuka, ni ko gahuzu konyene afise. None azorara yipfutse iki+? Niyandirira, sinzoreka kumwumviriza kuko ndi umunyempuhwe*+.
9 Nimwagaruka kuri Yehova, benewanyu n’abana banyu bazogirirwa akagongwe n’ababagize imbohe+ babareke bagaruke muri iki gihugu+, kuko Yehova Imana yanyu afise impuhwe* n’imbabazi+. Nimwamugarukako ntazobaheba*+.»
17 Baranse kwumva+, ntibibuka ibintu vy’agatangaza wabakoreye. Ahubwo bigize intagondwa*, bagena umukuru ngo bisubirire mu bushumba bahoramwo mu Misiri+. Mugabo wewe uri Imana yiteguriye kubabarira*, y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura kandi ifise urukundo* rwinshi+. Ni co gituma utabahevye+.
15 Ariko wewe ga Yehova, uri Imana y’imbabazi n’impuhwe*,iteba gushavura kandi yuzuye urukundo* n’ukudahemuka*+.
13 Nimutabure imitima yanyu+, atari impuzu zanyu+,maze mugaruke kuri Yehova Imana yanyu,kuko ari Imana y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura+ kandi yuzuye urukundo*+.Na we azoheza yigarure*, ntabateze ivyago.