-
Kuvayo 23:31-33Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
31 Nzoshinga urubibe rwanyu kuva ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no kuva mu bugaragwa gushika kuri rwa ruzi runini*+. Nzotuma mutsinda ababa muri ico gihugu kandi muzobirukana bababise+. 32 Ntimuze mugiranire isezerano na bo canke imana zabo+. 33 Ntibaze babe mu gihugu canyu kuko bohava batuma muncumurako. Nimwaramuka musenze imana zabo bizobabera umutego+.»
-
-
Yosuwa 23:12, 13Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
12 «Mugabo nimwaramuka mumuhevye mukifatanya n’abo mu mahanga asigaye+ mu gihugu, mugahana abageni+ mukongera mukagenderanira, 13 mumenye neza ko Yehova Imana yanyu atazobandanya kwomora ayo mahanga ku bwanyu+. Ayo mahanga azobabera nk’umutego n’urusenga bategesha, nk’ikimoko kibakubita mu mbavu+. Azobabera kandi nk’amahwa mu maso yanyu, gushika muzimanganye muri iki gihugu ciza Yehova Imana yanyu yabahaye.
-