-
Gusubira mu vyagezwe 2:30-35Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
30 Ariko Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyatwemereye kurengana, kuko Yehova Imana yanyu yamuretse acika intumva+ yongera arakomantaza umutima wiwe kugira amubahe mumutsinde nk’uko yabikoze+.
31 Yehova yaciye ambwira ati: “Raba namaze kubaha Sihoni n’igihugu ciwe. Nimutangure kucigarurira+.” 32 Igihe Sihoni yaza kudutera i Yahazi ari kumwe n’ingabo ziwe zose+, 33 Yehova Imana yacu yaramuduhaye, turamutsinda n’abana biwe hamwe n’ingabo ziwe zose. 34 Ico gihe twaciye dufata ibisagara vyiwe vyose, dutikiza ibisagara vyose, abagabo, abagore hamwe n’abana. Nta n’umwe yarokotse+. 35 Twasahuye ibitungwa gusa hamwe n’ibintu vyari mu bisagara twari twafashe.
-
-
Abacamanza 11:19, 20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
19 Inyuma y’aho, Abisirayeli barungika intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori yaganza i Heshiboni bati: ‘Turagusavye utureke duce mu gihugu cawe kugira tubandanye iyo turiko turaja+.’ 20 Mugabo Sihoni ntiyemera ko Abisirayeli bashaka kurengana gusa mu karere kiwe. Akoranya rero ingabo ziwe zose maze akambika i Yahazi atera Abisirayeli+.
-