ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 17:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Abantu baca batangura gushwanira Musa+, bamubwira bati: «Duhe amazi yo kunywa!» Musa abishura ati: «Kubera iki munshwanira? Kubera iki muguma mugeza Yehova+?»

  • Kuvayo 17:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Aho hantu aca ahita Masa*+ na Meriba*+ kubera Abisirayeli bamushwaniye no kubera bagerageje Yehova+, bakavuga ngo: «Yehova turi kumwe canke ntituri kumwe?»

  • Zaburi 95:8, 9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 ntimukomantaze imitima nka kumwe kw’i Meriba*+,

      nka wa musi w’i Masa* mu bugaragwa+,

       9 igihe ba sogokuruza banyu bangerageza+.

      Baransomborokeje naho bari barabonye ibikorwa vyanje+.

  • Abaheburayo 3:8, 9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi, nka wa musi mwangeza mu bugaragwa+, 9 aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakansomborotsa naho bari barabonye ibikorwa vyanje mu kiringo c’imyaka 40+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika