-
Guharura 21:33, 34Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
33 Baca basubira inyuma badugana inzira ija i Bashani. Ogi+ umwami wa Bashani aca azanana n’ingabo ziwe zose, aja kubatera i Edireyi+. 34 Yehova aca abwira Musa ati: «Ntumutinye+. Nzogufasha kumutsinda n’ingabo ziwe nongere ndaguhe igihugu ciwe+. Uzomugira nk’uko wagize Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni+.»
-
-
Gusubira mu vyagezwe 3:3Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
3 Yehova Imana yacu yaradufashije kandi gutsinda umwami Ogi wa Bashani n’ingabo ziwe zose. Twarabishe gushika aho ata n’umwe asigara.
-
-
Yosuwa 9:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Baca bamubwira bati: «Twebwe abasavyi bawe tuje tuva mu gihugu ca kure cane+ kubera twubaha izina rya Yehova Imana yawe. Twarumvise ingene ari rurangiranwa n’ivyo yakoze mu Misiri vyose+. 10 Twarumvise n’ibintu vyose yakoreye ba bami babiri b’Abamori baba hakurya ya Yorodani*, ari bo Sihoni+ umwami wa Heshiboni na Ogi+ umwami wa Bashani yaba i Ashitaroti.
-