ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 21:33, 34
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 33 Baca basubira inyuma badugana inzira ija i Bashani. Ogi+ umwami wa Bashani aca azanana n’ingabo ziwe zose, aja kubatera i Edireyi+. 34 Yehova aca abwira Musa ati: «Ntumutinye+. Nzogufasha kumutsinda n’ingabo ziwe nongere ndaguhe igihugu ciwe+. Uzomugira nk’uko wagize Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni+.»

  • Gusubira mu vyagezwe 3:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Yehova Imana yacu yaradufashije kandi gutsinda umwami Ogi wa Bashani n’ingabo ziwe zose. Twarabishe gushika aho ata n’umwe asigara.

  • Yosuwa 9:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Baca bamubwira bati: «Twebwe abasavyi bawe tuje tuva mu gihugu ca kure cane+ kubera twubaha izina rya Yehova Imana yawe. Twarumvise ingene ari rurangiranwa n’ivyo yakoze mu Misiri vyose+. 10 Twarumvise n’ibintu vyose yakoreye ba bami babiri b’Abamori baba hakurya ya Yorodani*, ari bo Sihoni+ umwami wa Heshiboni na Ogi+ umwami wa Bashani yaba i Ashitaroti.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika