ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 25:1-4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Amaziya yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yehowadani, akaba yava i Yeruzalemu+. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse, ariko ntiyabigiranye umutima wiwe wose. 3 Ubutegetsi bwiwe bukimara gutsimbatara, yica abari barishe se igihe yari akiri umwami+. 4 Mugabo ntiyishe abana babo. Yisunze ivyanditswe mu mategeko ari mu gitabu ca Musa, aho Yehova yategetse ati: «Ba sebibondo ntibaze bapfe bazira abana babo, n’abana ntibaze bapfe bazira ba se. Umwe wese azopfe azize igicumuro ciwe bwite+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika