-
2 Abami 14:1-6Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Amaziya mwene Yehowasi+ umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira kabiri Yehowasi mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli aganza. 2 Amaziya yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yehowadini, akaba yava i Yeruzalemu+. 3 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse, ariko ntiyashikiriye sekuruza Dawidi+. Yakoze nk’ivyo se Yehowasi yakoze vyose+. 4 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+. Abantu bari bakihashikanira ibimazi, bigafumba umwotsi+. 5 Ubutegetsi bwiwe bukimara gutsimbatara, yica abari barishe se igihe yari akiri umwami+. 6 Mugabo ntiyishe abana b’abo bicanyi. Yisunze ivyo Yehova yategetse vyanditswe mu gitabu c’amategeko ya Musa, ahavuga hati: «Ba sebibondo ntibaze bicwe bazira abana babo, n’abana ntibaze bicwe bazira ba se. Umwe wese aze yicwe azize igicumuro ciwe bwite+.»
-