ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 9:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Iyi nzu wubatse izosigara ari ibihomvagurike+. Uwuzoyica iruhande wese azoyiraba yumirwe, avuze agahwa, abaze ati: “Mbe basha iki gihugu n’iyi nzu Yehova yabihoye iki+?”

  • Zaburi 74:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  3 Simba urabe ahantu hasambuwe kuva kera+.

      Umwansi yarasambaguye ibintu vyose vy’ahantu heranda+.

  • Zaburi 79:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 79 Ewe Mana, amahanga yateye intoranwa yawe+.

      Yahumanije urusengero rwawe rweranda+.

      Yahinduye Yeruzalemu ikirundo c’ibihomvagurike+.

  • Yesaya 64:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Inzu* yacu nyeranda kandi y’ubuninahazwa*,

      imwe ba sogokuruza bacu bagushemerezamwo,

      yaturijwe umuriro+,

      kandi ibintu vyose twakunda cane vyarononekaye.

  • Yeremiya 7:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Ku bw’ivyo rero, kurya nagiriye Shilo ni ko nzogirira iyi nzu mwizigira+ yitirirwa izina ryanje+ be n’aha hantu nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu+.

  • Gucura intimba 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Uwumurwanya yashoreye amaboko ku butunzi bwiwe bwose arabusahura+.

      Yeruzalemu yabonye amahanga yinjira ahantu hiwe heranda+,

      amwe wategeka ko adakwiye kwinjira mw’ishengero ryawe.

  • Gucura intimba 2:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  7 Yehova yahevye igicaniro ciwe.

      Yiyamye ahantu hiwe heranda+.

      Yatumye inzitiro z’iminara yiwe ikomeye zigwa mu maboko y’abansi+.

      Bashize ijwi ryabo hejuru mu nzu ya Yehova+, nk’aho hoba ari ku musi mukuru.

  • Mika 3:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Ni co gituma kubera mwebwe,

      i Siyoni hazorimwa nk’umurima,

      i Yeruzalemu na ho hacike ibirundo vy’ibihomvagurike+,

      kandi umusozi uriko urusengero* uzomera nk’umusozi* uriko ishamba+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika