-
2 Samweli 3:2-5Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
2 Ico gihe Dawidi yaba i Heburoni+. Yahavyariye aba bahungu: imfura yitwa Amunoni+, yavyawe na Ahinowamu+ w’i Yezireli. 3 Uwa kabiri yari Kileyabu yavyawe na Abigayili+, umugore asigwa na Nabali w’i Karumeli. Uwa gatatu yari Abusalomu+ yavyawe na Mayaka. Mayaka yari umukobwa wa Talimayi+ umwami w’i Geshuri. 4 Uwa kane yari Adoniya+ yavyawe na Hagita. Uwa gatanu yari Shefatiya yavyawe na Abitali. 5 Uwa gatandatu yari Itireyamu yavyawe n’umugore wa Dawidi yitwa Egila. Abo ni bo Dawidi yavyariye i Heburoni.
-