-
Yosuwa 11:4Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
4 Nuko baraza bari kumwe n’ingabo zabo zose, ari benshi cane nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga kandi bari bafise amafarasi n’imikogote y’intambara vyinshi cane.
-
-
2 Ngoma 32:7, 8Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
7 «Nimugire umutima rugabo kandi mukomere. Ntimutinye canke ngo muranduke umutima kubera umwami wa Ashuri+ n’isinzi ryose riri kumwe na we, kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na we+. 8 We afise inkomezi z’abantu buntu*, mugabo twebwe dufise Yehova Imana yacu adufasha kandi akaturwanira mu ntambara+.» Nuko abantu baremeshwa n’ayo majambo ya Hezekiya umwami w’Ubuyuda+.
-