ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 31:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Nimugire umutima rugabo+ kandi mukomere. Ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba kubera ayo mahanga+, kuko Yehova Imana yanyu agendana namwe. Ntazobata canke ngo abahebe+.»

  • Gusubira mu vyagezwe 31:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Yehova ni we agendera imbere yawe kandi azogumana nawe+. Ntazoguta canke ngo aguhebe. Ntutinye canke ngo uranduke umutima+.»

  • Yosuwa 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzofasha aba bantu gutorana igihugu nasezeraniye ba sekuruza+.

  • Yosuwa 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 None si jewe ndagutegetse? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ugire ubwoba, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose+.»

  • 2 Abami 6:16, 17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Amwishura ati: «Ntutinye+ kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo+.» 17 Elisha aca atangura gusenga ati: «Ewe Yehova, ndakwinginze wugurure amaso yiwe kugira ngo abone+.» Yehova aca yugurura amaso ya nya musuku, maze abona akarere k’imisozi kose kuzuye amafarasi n’imikogote y’intambara vyaka umuriro+, bikikuje Elisha+.

  • 2 Ngoma 20:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Avuga ati: «Yemwe ababa mu Buyuda mwese n’i Yeruzalemu, nawe mwami Yehoshafati, nimwumvirize! Yehova ababwiye ati: “Ntimutinye canke ngo muranduke umutima kubera iryo sinzi rinini kuko urugamba atari urwanyu, ahubwo ari urw’Imana+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika