ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 5:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Mugabo Farawo abishura ati: «Yehova ni nde+ ku buryo nomugamburukira nkarekura Abisirayeli+? Yehova sindamuzi na gato, kandi sindekura Abisirayeli+.»

  • Gusubira mu vyagezwe 32:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 ariko natinye ingene abansi banje bovyakira+,

      kuko bohava babitahura ukutari kwo+,

      bakavuga ngo: ‘Inguvu zacu ni zo zatumye dutsinda+,

      si Yehova yabikoze.’

  • Daniyeli 3:14, 15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Nebukadinezari aca ababwira ati: «Shadrake na Meshake na Abedinego, ni ivy’ukuri yuko mwanse gukorera imana zanje+ no gusenga igishusho c’inzahabu nashinze? 15 Ubu rero, nimba mwemeye yuko nimwumva ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, muca mupfukama maze mugasenga igishusho nakoze, bizoba ari vyiza. Ariko nimwanka kugisenga, ubwo nyene muca mutererwa mw’ifuru yaka umuriro. Mbega ni imana iyihe yoshobora kubakura mu kuboko kwanje+?»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika