-
Gusubira mu vyagezwe 32:27Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
bakavuga ngo: ‘Inguvu zacu ni zo zatumye dutsinda+,
si Yehova yabikoze.’
-
-
Daniyeli 3:14, 15Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Nebukadinezari aca ababwira ati: «Shadrake na Meshake na Abedinego, ni ivy’ukuri yuko mwanse gukorera imana zanje+ no gusenga igishusho c’inzahabu nashinze? 15 Ubu rero, nimba mwemeye yuko nimwumva ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, muca mupfukama maze mugasenga igishusho nakoze, bizoba ari vyiza. Ariko nimwanka kugisenga, ubwo nyene muca mutererwa mw’ifuru yaka umuriro. Mbega ni imana iyihe yoshobora kubakura mu kuboko kwanje+?»
-