Gusubira mu vyagezwe 4:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Mutegerezwa kuyakurikiza mwitonze+, kuko ari vyo bizotuma amahanga azokwumva ivy’ayo mategeko yose abona ko mufise ubukerebutsi+ n’ugutegera+. Bazoheza bavuge bati: “Emwe, iri hanga rikomeye rigizwe n’abantu bafise ubukerebutsi n’ugutegera+.” Zaburi 111:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Gutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+. ש [Sini] Abubahiriza ivyagezwe vyiwe* bose baba berekanye ko babona kure*+. ת [Tau] Arabereye gushemezwa ibihe vyose. Imigani 9:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+,kandi kumenya wa Mweranda cane+ ni kwo gutegera. Umusiguzi 12:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Inyuma y’ivyo vyose rero, insozero ni iyi: tinya Imana y’ukuri+ kandi wubahirize amabwirizwa yayo+, kuko ico ari co gihambaye cane mu buzima bw’umuntu+. Abaroma 1:20 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 20 Nkako ibintu tutabona biranga Imana*, ni ukuvuga ububasha bwayo bwamaho+ n’ubumana bwayo+, biribonekeza neza kuva igihe isi yaremwa, kuko bibonekera ku bintu yaremye+. Nta co rero bafise bireguza.
6 Mutegerezwa kuyakurikiza mwitonze+, kuko ari vyo bizotuma amahanga azokwumva ivy’ayo mategeko yose abona ko mufise ubukerebutsi+ n’ugutegera+. Bazoheza bavuge bati: “Emwe, iri hanga rikomeye rigizwe n’abantu bafise ubukerebutsi n’ugutegera+.”
10 Gutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+. ש [Sini] Abubahiriza ivyagezwe vyiwe* bose baba berekanye ko babona kure*+. ת [Tau] Arabereye gushemezwa ibihe vyose.
13 Inyuma y’ivyo vyose rero, insozero ni iyi: tinya Imana y’ukuri+ kandi wubahirize amabwirizwa yayo+, kuko ico ari co gihambaye cane mu buzima bw’umuntu+.
20 Nkako ibintu tutabona biranga Imana*, ni ukuvuga ububasha bwayo bwamaho+ n’ubumana bwayo+, biribonekeza neza kuva igihe isi yaremwa, kuko bibonekera ku bintu yaremye+. Nta co rero bafise bireguza.