-
2 Abami 19:8-13Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
8 Rabushake yumvise yuko umwami wa Ashuri yavuye i Lakishi+, aca aja iyo ari, asanga ariko arwanira i Libuna+. 9 Umwami yumva amakuru avuga ko Tiruhaka umwami wa Etiyopiya yaje kumutera. Aca yongera kurungika intumwa+ kuri Hezekiya ati: 10 «Genda mubwire Hezekiya umwami w’Ubuyuda muti: “Iyo Mana yawe wizigira ntiguhende ngo Yeruzalemu ntizofatwa n’umwami wa Ashuri+. 11 None ntiwumvise ivyo abami ba Ashuri bakoreye ibihugu vyose bakabitikiza+? Wibaza ko ari wewe uzorokoka? 12 Mbega amahanga ba sogokuruza banje bahoneje, imana zayo zoba zarayarokoye? Ihanga rya Gozani, irya Harani+ n’irya Rezefu ari hehe? Abantu b’i Edeni bahora i Telasari, bobo bari he? 13 Ari hehe umwami w’i Hamati n’uw’i Arupadi? Umwami w’ibisagara vy’i Sefaruvayimu, uw’i Hena n’uw’i Iva, bobo bari hehe+?”»
-