ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 10:29, 30
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 29 Hanyuma Yosuwa n’Abisirayeli bose bava i Makeda baja i Libuna+ maze barahatera. 30 Yehova aha Abisirayeli intsinzi kuri ico gisagara n’umwami waho+, baragitikiza. Abaho bose babicisha inkota, ntibasigaza n’umwe. Umwami waho bamugira nk’uko bagize umwami wa Yeriko+.

  • 2 Abami 8:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Abanyedomu bagumye bagarariza Ubuyuda gushika n’uyu musi. Ico gihe ab’i Libuna+ na bo nyene baragarariza.

  • 2 Abami 19:8-13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Rabushake yumvise yuko umwami wa Ashuri yavuye i Lakishi+, aca aja iyo ari, asanga ariko arwanira i Libuna+. 9 Umwami yumva amakuru avuga ko Tiruhaka umwami wa Etiyopiya yaje kumutera. Aca yongera kurungika intumwa+ kuri Hezekiya ati: 10 «Genda mubwire Hezekiya umwami w’Ubuyuda muti: “Iyo Mana yawe wizigira ntiguhende ngo Yeruzalemu ntizofatwa n’umwami wa Ashuri+. 11 None ntiwumvise ivyo abami ba Ashuri bakoreye ibihugu vyose bakabitikiza+? Wibaza ko ari wewe uzorokoka? 12 Mbega amahanga ba sogokuruza banje bahoneje, imana zayo zoba zarayarokoye? Ihanga rya Gozani, irya Harani+ n’irya Rezefu ari hehe? Abantu b’i Edeni bahora i Telasari, bobo bari he? 13 Ari hehe umwami w’i Hamati n’uw’i Arupadi? Umwami w’ibisagara vy’i Sefaruvayimu, uw’i Hena n’uw’i Iva, bobo bari hehe+?”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika