ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Mariko 10:13-16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Abantu batangura kumuzanira abana batoyi ngo abakoreko, ariko abigishwa biwe barabakankamira+. 14 Yezu abibonye biramushavuza, aca ababwira ati: «Nimureke abo bana baze aho ndi. Ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 15 Ni ukuri ndabibabwiye, uwo wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.» 16 Aca aterura abo bana mu maboko yiwe, atangura kubahezagira abarambitseko ibiganza+.

  • Luka 18:15-17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Hanyuma abantu bamuzanira abana babo batoyi ngo abakoreko. Ariko abigishwa biwe babibonye, batangura kubakankamira+. 16 Mugabo Yezu ahamagara abo bana maze avuga ati: «Nimureke abo bana baze aho ndi. Ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 17 Ni ukuri ndabibabwiye, uwo wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika