22 Nuko bamuzana ahantu hitwa Gologota, bikaba bisobanura ngo «ahantu h’Agahanga+.» 23 Bageze ng’aho, bagerageza kumuha umuvinyu uvanze n’ikiyayuramutwe citwa imira+, mugabo ntiyawunywa. 24 Hanyuma baramumanika, baca bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo, kugira bamenye izo umwe wese atwara+.