-
Mariko 15:40, 41Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
40 Ico gihe kandi hariho abagore bariko babirabira kure, muri bo hakaba harimwo Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo mutoyi ari na we nyina wa Yoze*, hamwe na Salome+. 41 Abo bagore bari bahoze bamuherekeza bongera bamufasha udukorwa+ igihe yari i Galilaya. Hariho n’abandi bagore benshi bari baduganye na we i Yeruzalemu.
-